Abana 22 n’abagore 4 baguye mu gitero c’indege za rutura muri Yemen…

0
180

HODEIDAH, YEMEN – Nkuko byatangajwe n’imuyobozi w’intagondwa zikorera muri Yemen, abana 22 n’abagore bane (4) nibo baguye mu gitero cagabwe n’indege za rutura ubwo izi ndege zageragezaga kurasa izi ntagondwa.

Hari nakane k’iyinga rishize ku minsi 16/08/2018 ubwo indege za gisirikare (Saudi-UAE military Alliance) zagabye igitero k’umutwe w’inyeshamba zitavuga rumwe na leta ya Yemen, izi ntagondwa bivugwa ko zari mu ikambi yazo, Al-Kouai, ni ibirometeri mirongo ibiri (20km) hafi y’umuji wa Hodeidah.

Imwe mu mirambo yatoraguwe nyuma y’iki gitero cahitanye abantu batari bake…

Nkuko tubikesha ikinyamakuru Al Jazeera, umwe mu baganga bakorera ishami ry’ubuvuzi bwa International Committee of the Red Cross (ICRC) yavuze yuko bitewe n’imirwa yahabaye, atabashije kugera aho iki gitero cagabwe bitewe n’umutekano kuba muke.

Imwe mu ndege za rutura yagabye iki gitero…

Majed Dahfah arahamya neza ko abaguye muri iki gitero ari abana n’abagore kuko ariwe wambere wakiriye imirambo y’abo. Nyuma yo kwangirwa kugera ahabereye iki gitero, Majed yahanguriwe gushingura imirambo y’abahasize ubuzima ariko avuga kandi yuko yangiwe kugera aho iki gitero cabereye kuko ngo yabwiwe ko umutekano utameze neza.

Nubwo iki gitero cahitanye abana n’abagore, leta ya Yemen yo ivuga ko iki gitero cari kigamije guhitana abarwanyi b’intagondwa nari muri uyu muhana, ariko ngo nyamara iyi leta yatangajwe no kubona abana n’abagore babarizwa muri uyu muhana kuko ngo wari urimo abarwanyi’b’izi ntagondwa gusa; bityo leta ya Yemen ikaba yibaza ico abo bana n’abagore bakoraga muri uyu muhana.

Abantu 26 nibo bashirwa mu majwi ko aribo baguye muri iki gitero kuko ngo abana 22 n’abagore 4 nibo imirambo yabo yatoraguwe nyuma n’iki gitero. Nyuma y’iki gitero biremezwa kandi yuko hari indi bus yari itwaye abagenzi yaturikijwe n’igisasu ariko leta ya Yemen ikaba ihakana ko iyi modoka itarashwe n’ingabo za leta ahubwo bo bashinja izi ntagondwa kuba arizo zaturikije iki gisasu mu gushaka kwihora.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here